Sunday, January 29, 2023
HomePoliticsPerezida Ndayishimiye avuga ko ariko avugana na ONU uko imihari irwanya ubutegetsi...

Perezida Ndayishimiye avuga ko ariko avugana na ONU uko imihari irwanya ubutegetsi iri muri Congo yotahuka mu Burundi.

Umukuru w’igihugu c’uburundi amenyesha ko we n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bariko bavugana ingene abitwaje ibirwanisho botahukanwa mu Burundi. Varisito Ndayishimiye akavuga kandi ko muri abo barwanyi bazokwemera gutaha bavuye muri Congo , bamwe bazoca basubizwa mu buzima busanzwe , abandi bashikirizwe ubutungane ku vyaha bazoba barakoze mu Burundi.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru co kimwe n’abanyagihugu kuri uyu wa gatanu mu ntara ya Kirundo, Perezida Ndayishimiye yagize ati :″mbere nagire ndabamenyeshe ko abiyita ko bahora aribo bashaka kurwanya igihugu , abanse gushira ibirwanisho hasi bakomoka, bomokeye mu mashamba y’I kongo nahone turiko twumvikana n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kugira ribegeranye abashaka. Abakumbuye gukunda igihugu nibabegeranya kugira tuje kubatahana kuko ni abana b’igihugu. Noneho ni igito gitabwa iwabo‟

Varisito Ndayishimiye yongeyeko ati :″Ubu rero turiko twumvikana n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yuko abazokwemera rikabegeranya , twebwe tuzoca tugenda kubatahukana turavyiteguriye hanyuma tubasubize mu buzima busanzwe hama abakoze ibibi bihambaye mu gihugu baheze baje imbere y’ubucamanza…‟

Kuva mu mwaka wa 2020, hagiye hibonekeza ibitero bitari bike mu mihingo itandukanye y’uburundi. Umuhari RED-TABARA akaba ariwo wiyemereye ko ariwo uriko urwanya Leta ya CNDD-FDD mu ntumbero yo guhabuza amasezerano ya Arusha hamwe n’intwaro igendera ku mategeko. Leta y’uburundi yahavuye nayo irungika mu mpisho abasirikare n’urwaruka rw’imbonerakure [rwegamiye umugambwe CNDD-FDD] muri Congo kugira barwanye uwo muhari ndetse banawububuze kwinjira gutera igihugu hari mu mpera z’umwaka wa 2021. Niho mu kwezi kwa Myandagaro uyu mwaka wa 2022, Abasirikare b’uburundi bemererwa na Leta Congo kwinjira kumugaragaro mw’ico gihugu mu gutuza umuhari RED-TABARA hamwe na FNL irongowe na Gen.Aloys Nzabampema.

Must Read

Urwanda rumenyesha ko umwansi umwe rudende rufise mu karere ari Congo...

0
Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo....