Inama nshingamateka y’uburundi yuguruye ibikorwa vy’isasa vya Ruhuhuma 2018

0

Inama nshingamateka y’Uburundi yaruguruye ibikorwa vyayo vy’isasa vyo mu kwezi kwa ruhuhuma 2018 kuruno wa mbere igenekerezo rya 5 ruhuhuma 2018,inyuma y’ikiringo hafi c’ukwezi kurenga bari mu karuhuko.

Umukuru w’inama nshingamteka y’Uburundi Pascal NYABENDA mu birori vyo kugurura iryo sasa rya ruhuhuma yaasavye abashingamateka kwirinda imvugo itabereye ariko bashire imbere inyungu rusangi.

Pascal NYABENDA yamenyesheje ko mu kiringo c’isasa rya Ruhuhuma bategekanya kuzokwiga integuro z’amategeko 12.

Zimwe murizo nteguro z’amategeko 12 zitegekanywa kwiga nizijanye n’itegeko y’itegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru, integuro y’itegeko rigenga ibijanye no kworora,integuro y’itegeko rishinga ibanki ya Afirika ijejwe gushing imitahe n’zizndi nteguro z’amategeko.

Inama nshingamateka y’Uburundi ifise ibice bitatu vy’isasa bitandukanye mu mwaka aho integuro z’amategeko ziba zarungitswe na Reta zigwa n’abashingamateka imbere yuko zemezwa.