Inama nshingamateka na nkenguzamateka ziriyamiriza ingingo yo gutahukana abasirikare 1000 b’abarundi bari muri Somaliya

0

Mw’ikoraniriro ryahuje abashingamateka n’abakenguzamateka ryabaye kur’uyu wa kane, ikibazo kimwe nico cari kiraje ishinga abo batowe ngo baserukira abarundi murizo nzego zibiri. Ico kibazo naco n’icitahukanwa c’abasirikare 1000 b’abarundi bagiye kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya.

Abashingamateka bakomoka mu mugambwe CNDD FDD bakabona ko iyo ngingo ariy’agahotoro kuko hatowe abasirikare b’abarundi gusa  mubasirikare barenga 21 500 bava mubihugu vya Ouganda, Ethiopie, Djibouti na Kenya. Abashingamateka batavuga rumwe na Leta nabo bakabona ko hokomezwa imigenderanire myiza hagati y’Ubumwe bw’Afrika n’Uburundi kugira izo ngingo ntizisubire gufatwa. Abasirikare b’abarundi bari mu gihugu ca Somaliya bababa 5400, igihugu c’Ubuganda akaba arico gifise igitigiri kinini c’abo basirikare bakaba bangana 6200.

Ingingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ya ONU igira 2431 isaba ko abo basirikare bagiye kugabanywa muntumbero yo gukoresha abasirikare bo murico gihugu ca Somaliya bariko barigishwa ivyigisirikare.

Mw’itangazo ryasohowe n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka vy’Uburundi kuruyu wa kane basavye Leta  y’Uburundi ko yosaba ko hoba inama y’abakuru b’ibihugu vyatanze abasirikare murico gikorwa kugira hasubirwemwo iyo ngingo. Muriryo tangazo, abakuru b ’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka barashima igikorwa c’abasirikare b’abarundi, barasaba ko umutekano w’abasirikare babarundi wocungwa cane kuko igitigiri cabo kiriko kiragabanywa imbere y’abitwaje ibigwanisho baba Al Shabab.