Inyuma yaho igiporisi c’Uburundi gihamagarije iyinjizwa ry’abaporisi mu bisata vyose muri gitugutu 2018, igiporisi caraye gisohoye urutonde ry’abaporisi batobato n’abakuru 34 bazokwinjira mu gipolisi kuruyu w’Imana basubirira abakuwemwo kumvo zitandukanye.

Abo bapolisi bashasha bakaba basabwa kuzoshika mw’Ikambi y’igiporisi y’i Muramvya n’Ingozi igihe c’isaha 10 z’umurango. Uwuzosiba akazoca asubirizwa kandi, hakaba kandi hategekanijwe gusubira gupima amagara y’aba baporisi bashasha ko ameze neza.
Kurutonde rw’abo baporisi rwasohotse kuruyu wagatatu haboneka ko ibitigiri vy’ubwoko vyubahirijwe naho abigeme n’abo mu bwoko bw’abatwa bataraba benshi. Eka n’intara zose bikaba biboneka ko ziserukiwe.





Recent Comments