Nkuko biboneka mw’itangazo nshikiranganji ryasohotse kur’uyu wa gatatu inyuma y’inama nshikiranganji yabaye kur’uyo munsi, umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, azotekererwa inyuma y’amabanga yarimwo y’ubukuru bw’igihugu. Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, akaba yari yamenyesheje ko atazosubira kwitoza mu matora yimirije yo mu 2020.

Ariko mur’iryo tangazo rikavuga ko umukuru w’igihugu azohembwa wenyene inyuma y’amabanga yiwe ari umukuru w’igihugu azoba yaratowe n’abenegihugu gusa. Abandi bashitse kubutegetsi bahiritse inzego canke bagize umwimvikano n’abanyepolitike n’abasirikare ko abo batarimwo. Mwomenya aha ko m’Uburundi hakiri abahoze barongoye Uburundi batatu ariko atanumwe yahashitse aciye mu matora. Abo nabo akaba ari Petero Buyoya, Sylvestre Ntibantunganya na Domisiyano Ndayizeye.
Mu masezerano ya Arusha yahavuye ashirwa mw’ibwirizwashingiro ryo mu 2005 hoho hakaba hari handitse ko abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi baba abakenguzamateka ubuzima bwabo bwose kandi bakaguma baronka vyankenerwa vyo kubaho neza. Mw’ibwirizwashingiro riherutse gushirwaho ryo mu 2018, hoho havurwa ko abahoze ari abakuru b’igihugu c’Uburundi badasubira kuba abakenguzamateka ubuzima bwabo bwose.
Mwebwe muvyiyumvirako iki ?





Recent Comments