Ibintu ntibigiye kworohera abamenyeshamakuru bane bo mukimenyeshamakuru Iwacu

0

Mw’itangazo umushikizamanza mukuru wa Republika y’Uburundi, Nyandwi Sylvestre, yasohoye kur’uyu wakane yamenyesheje ko abo bamenyeshamakuru bane b’ikimenyeshamakuru Iwacu bafatiwe muri komine Musigati mu ntara ya Bubanza ko afise ibimenyetso ko boba bari bazi ko igitero cabaye mur’iyo ntara ya Bubanza bari bazi ko kiza kuba.

Ico rero akaba arico catumye bagirizwe kwifatanya n’abashaka guhirika ubutegetsi. Ngw’ivyo rero bikaba bihanwa n’ingingo ya 38 na 609 yo mu gitabo mpanavyaha cambere ni cakabiri. Umushingwamanza mukuru akaba akaba yamenyesheje kwarico gituma banse ko baburana bidegemvya nkuko bari babisavye kandi ko sentare nkuru y’i Bubanza yiteguriye kwumviriza urwo rubanza. Abo bamenyeshamakuru bakaba bafashwe itariki 26 z’ukwicumi 2019 mu ntara ya Bubanza ico gitero naco kikaba cabaye itariki 22 z’ukwicumi 2019 nkuko bivugwa n’umushikirizamanza mukuru wa republika y’Uburundi.

Abo bamenyeshamakuru bane harimwo n’umushoferi bakaba baratswe amaterephone bahora bakoresha bagasabwa gutanga code yo kwinjira gusoma ibiri murayo materephone.  Ariko abagwanira agateka ko kumenyesha amakuru bakavuga ko abo bamenyeshamakuru ko borekurwa kuko bahorwa ubusa. Ayo mashirahamwe akavuga ko bari bagiye kurondera inkuru nkuko bisanzwe bikorwa n’abamenyeshamakuru kandi ko basavye uruhusha bulamatari w’intara ya Bubanza nkuko bikorwa m’Uburundi mur’iki gihe.