Inama nkuru y-amahoro n-umutekano ya UA iriteguye kurwanya imirwi irwana mu karere k-ibiyaga binini.

0

Ingingo zaruhasha n-ibihano nivyo bigeye gufatirwa imirwi irwana mu karere ka Afrika k-ibiyaga  bbinini hamwe n-abo bose bayifasha . Biri mu nama y-amahoro n-umutekano y-ubumwe bwa Afrika yiyemeje igira  1005  yo kuwa 21 Ruheshi 2021 iraba ivy-ako karere.Communiqué du Conseil de paix et de sécurité de l'Union africaine (UA), en  sa 605ème réunion sur la situation au Darfour et les activités de l'Opération  hybride Union africaine-Nations Unies au Darfour (

Mw-itangazo rishira ahabona ivyaranguwe mw-ay-amezi atatu ryasohotse kuri uwu wa gatatu , inama y-amahoro n-umutekano iratera ivyatsi ivyaha vy-ubwicanyi bikabije  bikorwa n-iyo mirwi yitwaje ibirwanisho idasize inyuma ibikorwa vy-ubucukuzi vy-ubutare  bidaciye mu mategeko bikorwa n-iyo mirwi nyene. Naho biri uko, inama y-amahoro n-umutekano  ivuga ko inezerwa  hatangujwe umurwi ujejwe gutunganya ibiganiro  ufise igikorwa co gukwirikirana  ishirwa mu ngiro ry-ingingo  zitajanye n-ivya gisirikare  zunganira ivya gisirikare  mu ntumbero yo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho  mu karere ka Afrika y-ibiyaga binini.

Inama y-amahoro n-umutekano y-ubumwe bwa Afrika irashima kandi ukuntu ako karere kateye  mu bijanye n-umutekano naho ivyaha biteye ubwoba bibandanya gukorwa vy-imirwi yitwaje ibirwanisho  hamwe n-ivyago biturutse kwihindagurika ry-ibihe  navyone bibandanya kubangamira ako karere. Iyo nama itanga akarorero  kubiheruka kushika kwiduga ry-amazi y-ikiyaga ca Tanganyika  hamwe n-iruka ry-ikirunga ca Nyiragongo  mu buseruko bwa Congo , idasize inyuma ivy-ikiza c-umugera wa coronavirus .

Iyo nama nkuru y-amahoro n-umutekano w-ubumwe bwa Afrika imenyesha kandi ko itewe umutima uhagaze  n-inkurikizi zavuye kw-ivyo vyago  aho mbere zahitanye abantu batari bake abandi bagahunga. Iyo nama ikavuga ko yashimishijwe  n-ukubona igihugu c-uburundi carakuwe k-urutonde rw-ibihugu  vyirwa n-inama nkuru y-umutekano ya ONU ndetse n-umurwi w-abahinga ukurikirana ivy-agateka ka zina muntu  mu Burundi  warahagaritse ibikorwa vyawo  kuwa 31 rusama 2021 . Ikindi iyo nama ishima ngo n-uko  amatora yatunganijwe mu bihugu bigize ako karere k-ibiyaga binini  yabaye mu mutekano .

Mu gusozera iryo tangazo, Inama nkuru y-amahoro n-umutekano y-ubumwe bwa Afrika  yiyemeje kurwanya no gutuza imirwi y-inkozi zikibi , iyitwaje ibirwanisho hamwe n-iyikora iterabwoba hamwe no gukiriirana inkurikizi zazanywe  n-umugera wa coronavirus. Kugira ngo ivyo bishikweko, iyo nama isaba umuryango w-ubumwe bwa Afrika kushigikira  kugira hakwe ibirwanisho abo bose babifise hamwe no gusubiza mu buzima busanzwe abarwanyi.