Ishirahamwe PARCEM rihimiriza Leta kuhiga amafaranga mvamakungu hakuduza amakori ku bintu nka vyose.

0

Inyuma  yaho itegeko ritegekanya amahera Leta izokoresha kuva kuwa 1 Mukakaro 2021 gushika kuwa 30 Ruheshi 2022 ritereweko umukono n-umukuru w-igihugu , Uwurongoye ishirahamwe PARCEM , Faustin Ndikumana  asaba ndetse anahimiriza Leta ko itokwijajara kw-iduza ry-amakori  ari muhazova  amahera menshi  azokoreshwa mw-ico kiringo, ko ahubwo yokwihutira kurondera amafaranga mvamakungu  ngo ashobora gusahiriza  ubutunzi bw-igihugu  kugira umunyagihugu  ntabandanye  avunika.  Kubwa Faustin Ndikumana, ngo Leta iravye nabi irashobora kutaronka ayo mahera azova mw-ayo makori  nkuko yari vyiteze.IWACU English News | The voices of Burundi – Faustin Ndikumana

ˮNubwo ayo makori yoba yiyongereye, arya mafaranga Leta ivuga  ko izotoza ikongera ikazokoresha ashika ku miriyaridi 1600 , urumva si n-umumiriyaridi  w-amadorare. Ni ukuvuga ko mu Burundi  ukwo bimeze kwose  ntiturakwiza  amatagisi tutoza  ashobora kungana n-umumiriyaridi  w-amadorare , ukwo uduza cane amatagisi haratinda hakagera ko bibuza aho abanyagihugu bayakura cane cane aho uza kusanga  abantu batabandanije  bagura ivyo bariko baragura  canke abariko barinanata  ngo barwize umwimbu  kubera amatagisi aguma ababera menshi . uravye abatanga amatagisi n-ubukene buri mu Burundi  biraboneka ko ari ingorane idasanzwe ihari. Mugabo amahera Leta yoyo irayakeneye  kuko naho yoba  ikeneye kuriha ayo madeni , yategerezwa kuriha nande? Arihwa n-abarundi ‟

Uwo arongoye PARCEM asaba kandi ko umushikiranganji w-ikigega ca Leta yogira inguvu kutaguma yiyumvira ko amahera azokoreshwa mw-uw-umwaka  azova mu matagisi n-amakori kandi ubutunzi mu barundi butariko buriyongera. Ahubwo ngo umushikiranganji yige izindi nzira zishoboka zose harimwo kurondera amafaranga mvamakungu yoza asahiriza ayo Leta izoba yakuye mw-ayo matagisi n-amakori.