Nkuko bimenyeshwa n-ikinyamakuru co mu gihugu ca Uganda The observer,nuko igipolisi ca Uganda cahagaritse abantu batanu bagirizwa urudandazwa rw-abantu bakabatwara mu bihugu vy-abarabu.
Umwe murabo batanu yitwa Joseph Garuka yahavuye aja kubereka aho banyegeje abo bari bamaze kwegeranya biteguye kujanwa mu bihugu vy-abarabu, murabo basanze bose ari abarundikazi bagera kuri 30, bivurwa ko abo batanu bahora bafata ku nguvu abo barundikazi.
Tubibutse ko ata misi yari ihaciye igipolisi c-uburundi gifashe abarundikazi bagera kw-ijana bagire bitegure bajanwe mw-ivyo bihugu vy-abarabu. Ikiboneka nuko ibihugu vyo mu karere ka afrika y-ubuseruko nka Kenya, Uganda na Tanzaniya biri mu vyambere bikorerwamwo urwo rudandazwa rw-abarundikazi imbere y-uko baca burizwa indege zibashikana mw-ivyo bihugu vy-abarabu nkuko biri mu matohoza yakozwe n-amashirahamwe atandukanye yaba yo mu Burundi canke yo mu karere.