UBM News ads

Imyiyamazo y’abitoza yatanguye m’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kur’uyu wa mbere niho hatangura imyiyamamazo y’abitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, abashingamateka n’abajenama ba komine. Abitoza mur’ico kibanza c’umukuru w’igihugu uko ari batandatu bakaba bakwiye imihingo kugira barabe ko boronka amajwi mu banyagihugu.

s

Evariste Ndayishimiye, yitoza ku giti c’umugambwe CNDD-FDD, akaba yatanguriye iyo myiyerekano mu ntara ya Gitega, komine Bugendana, sikure cane yaho avuka muri komine Giheta. Agathon Rwasa, yitoza ku giti c’umugambwe CNL, nawe akaba yatanguriye mu ntara ya Ngozi, nawene niho avuga.

Gaston Sindimwo, yitoza ku giti c’umugambwe UPRONA, akaba yatanguriye imyiyamamazo mu ntara ya Mwaro. Domitien Ndayizeye, yitoza ku giti c’urunani Kira-Burundi, akaba yagiye i Muramvya. Leonce Ngendakumana, yitoza ku giti c’umugambwe FRODEBU, akaba yatanguriye muri zone Kinama muri mairie ya Bujumbura, cokimwe na Dieudonné Nahimana, uwigenga, yatanguriye muri mairie ya Bujumbura muri zone Kibenga. Francis Rohero nawe akaba yameneysheje ko azotangura kur’uyu wa kabiri ku kibuga bita Tempete muri mairie ya Bujumbura.

Ariko amasanganya y’imodoka za fuso zipakiye abanywanyi bimigambwe akaba atanguye kwibonekeza, aho ni nko mu ntara ya Ngozi aho hari ifuso yatemvye igeze k’uruzi Ruvyironza itwaye abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD, abantu babiri baciye bahasiga ubuzima. Abakuru b’igipolisi bakaba bari bamenyesheje ko imodoka zipakira abantu zobanza gusuzumwa imbere yuko zishiramwo abo bantu.  

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments