UBM News ads

Amatora2020: Babiri baguye mw’isanganya y’imodoka mu myiyamamazo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abantu babiri baguye mw’isangnya y’imodoka kuri uyu musi wa mbere hatanguye imyiyamazo ku banyamigambwe bose bipfuza guhiganirwa ikianza c’umukuru w’igihugu.

Ku makuru ashirwa ahabona, abo babiri bapfuye mw’isanganya y’imodoka bari barimwo bavuye mu ntara ya Ngozi baja mu ntara ya Gitega kwitaba ibirori vyo kwugurura ukwiyamamaza kwa Evaritse ndayishimiye wa CNDD-FDD.

Abo babiri bapfuye kandi bikavugwa ko bari bari batwaye ivyuma vyo kuduza amajwi vyo kwiyamamaza mu mugambwe CNDD-FDD.

Muri iki gihe himirije amatora ya 2020 no mu bihe nk’ibi vyo kwiyamamaza amasanganya arakunze kwibonekeza cane naho Ubushikiranganji bw’umutekano bwama bwibukije bose ko bokwirinda ukunyonga imodoka n’umuvuduko munini.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments