Abantu 2 bapfiriye mu myiyerekano isaba ko hajaho ubutegetsi bwa gi civil muri Tchad.

0

Muri Tchad, abantu 2 bapfiriye mu myiyerekano isaba ko hajaho ubutegetsi bwa gi civil.

Imyiyerekanoo yahamagajwe na société civil n’imihari ya politike itavuga rumwe na leta. Yatangiye mu gitondo ca kare cane. Yitabiriwe cane cane n’urwaruka. Ibice bimwe bimwe hagati i N’Djamena,  baturiye ibisigarira vy’imodoka zishaje. Abapolisi nabo bakoresheje ivyuka biryana mu maso.

Ubutegetsi bwari bwabujije iyi myiyerekano. Imodoka nyinshi za gisirikare zazunguruka mu muji wose.

Kugeza ubu, abantu 2 ni bo bazwi ko baguye muri iyi myiyerekano. Barimwo umusore w’imyaka 21 y’amavuko, yapfiriye mu myiyerekano yo mu muji wa kabiri, Moundou, uri mu majepho ya Tchad muri kilometero 400 uvuye i N’Djamena. Abandi bantu bagera kuri 30 bakomeretse hirya no hino mu gihugu.

Abanyagihugu bariyamiriza Ubufaransa bushigikiye ubutegetsi bwa gisirikare. Bavuga kandi ko badashaka ubwami mu gihugu cabo. Barasaba ko abasirikare bashira ubutegetsi mu maboko y’aba civil.

Perezida Idriss Deby amaze kwicwa mu ndwi iheze n’umutwe w’inyeshyamba witwa FACT, umuhungu wiwe, Général Mahamat Idriss Déby, yafashe ubutegetsi, ashiraho inama ya gisirikare y’imfatakibanza, CMT mu magambo magufi y’Igifaransa, igizwe n’abandi basirikare b’abajenerali 14. Bavuga ko intwaro mfatakibanza izomara umwaka umwe n’igice, ariko ko bashobora kuyongerera igihe nk’iki incuro imwe.

Iyi myiyerekano ni iya mbere ibaye yo guhangana n’ubutegetsi bwa gisirikare bushasha muri Tchad.