Imvo zatumye Rwasa Agathon amera nka ya mbwa isubira kuvyo yadashwe

0

agathon_rwasa_432

Umwe mu barongozi b’urunani Amizero y’abarundi Rwasa Agathon akaba n’umurongozi wa FNL itemerwa na Leta ya Bujumbura, yamenyesheje impamvu yashimye gufata iyo ngingo yo kwitaba ibikorwa vy’inama nshingamateka yatowe mu matora yabaye mu kwezi kwa gatandatu muri uno mwaka wa 2015.

Kubwa Rwasa Agathon ngo abarundi barihenze mu kwibaza ko amakungu azokurikiza urudome ku rundi ivyasabwe mu nama y’abakuru b’ibihugu vya afrika y’Ubuseruko. kubwiwe ngo abarundi bamutoye mu matora aheruka naho yari yamenyesheje ko atazokwemera ivyavuye muri ayo matora ngo ntiyari kubahemukira kuko bari guhava batwarwa n’iyindi migambwe.

Nayo ku kibazo kijanye n’uko Nditije Charles umwe mubo bafatanije mu runani amizero y’Abarundi atitavye ivyo bikorwa vy’inama nshingamateka ya mbere ngo ntibisigura ko atazoza kuko mu bikorwa bizokurikira ashobora gutonda.

Hakaba hari amakuru ko hari ivyo yoba yaremerewe kugira ashobora kwinjira muri iyo nama nshingamateka, mu makuru yacu yo hanyuma tukazobabwira uko ayo makuru avuga.

Mwokwibuka kandi ko uno Rwasa Agathon mu matora y’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko abarundi boja gutora ariko hakagenda ababona ko ubuzima bwabo butohagirira ibibazo, ariko kandi akaba yaciye agirako abasaba ko botoza ubwenge.

S’ico gusa mumenye ko yamenyesheje ko gukura ibimuranga muri CENI mu gihe yavuga ko atazitoza ngo ari uguta umwanya kuko igihe nicagera ababifitiye uburenganzira bazobitanga.

Mbega bizohava bishika? Wait and see