Ikizokurikira hagati ya Rwasa na Nditije ngo kiramota

0

Rwasa-et-Nditije (1)

Mbega urunani Amizero y’abarundi rwoba ruriko ruja hehe? ico kibazo umuntu wese yocibaza nyuma yaho aboneye amahasa Rwasa agathon na Nditije Charles batarikumwe mu gihe c’ibikorwa vya mbere vy’Inama nshingamateka yatowe ngo mu kiringo c’imyaka itanu kizohera muri 2020.

Kuri Rwasa ngo Nditije buraca agashika muri ico kibanza yahawe n’abanyagihugu nkuko nawe nyene yitavye akamo yatewe n’abarundi babicishije mu kazu k’amatora.

Kubwa bamwe mu bagize urwo runani Amizero y’abarundi ngo ntibarota baja muri iyo nama nshingamateka mugihe ivyasabwe bitarakurikizwa, ivyo bikaba vyashikirijwe na Tatien Sibomana aho yatanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uno musi aho hari haramutse hugururwa ibikorwa vya mbere vy’Inama nshingamateka.

Nkuko amakuru dukesha bamwe mu bamenyeshamakuru ngo ukuvana n’abo bari bafatanije kurongora urunani Amizero y’Abarundi ngo biramota kandi biregereje naho bitarashirwa ahabona.