Imvo yo gushira amashure mu nani ngo si kunaniza abanyeshure ahubwo n’ugusuzuma ko ivyigwa vyategerezwa gutangwa vyigishijwe.

0
Ubushikiranganji bw’indero bwarashizeho, ku wa 19 kigarama umwaka wa 2019, itegeko rigenga amashure ari mu runani (réseaux scolaires). Iyo ngingo ihamagarira amashure kuja mu runani kugira asabikanye ibekenewe vyose kugira ubumenyi bw’abanyeshure bwiyongere.
Ukwo gukorera mu nani ngo kwatumye intara y’indero ya Karusi imara imyaka 3 iba iya mbere mu bibazo vya leta. Mu buyobozi bw’indero muri iyo ntara, basigura ko bategura ibibazo vy’abanyeshure, ku ngero zitandukanye,bagafashanya mu gutora umuti w’ivyo babonye vyagoranye.
Biri uko mu gihe abavyeyi barereye ku mashure atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura badatahura igituma abana babo baronse amanota adashemeye mu gice giheze. Bibaza ko gukoreshwa ibibazo bimwe ( Examens de réseau) vyabateye ubwoba. Abandi bibaza ko uwo mugambi utateguwe neza. Bamwe mu barongoye amashure bo bavuga ko ubwo buryo bwatumye abanyeshure bongereza inguvu mu kwiga. Abigisha nabo baharonkeye ubundi buhinga mu kwigisha no gutanga ibibazo.
Urunani bafashebige rusaba ko inani zotunganywa neza, amashure akaja hamwe mu ntumbero yo gutizanya ibitabo n’abigisha. Cassien Gashirahamwe avuga ko bitunganijwe neza vyokongereza akanovera k’indero mu Burundi. Pierre Claver Kantabaze,umuhinga mu vy’inyigisho n’indero, we avuga kandi ko ukutamenya kwibonekeza mu mashure amwe amwe kuva ku kanovera gake k’inyigisho muri ayo mashure n’urugero ruto rw ubumenyi mu banyeshure.
Ku ruhande rw’ubushikiranganji bw’indero n’ubushakashatsi babona ko amashure yo mu gisagara ca Bujumbura yatevye gukorera mu nani. André Nduwimana,umuyobozi mukuru ajejwe inyigisho muri ubwo bushikiranganji amenyesha ko imvo yo gushira amashure mu nani ari ugusuzuma ko ivyigwa vyategerezwa gutangwa vyigishijwe.