Mairie ya Bujumbura iriteguriye kuzotondeka ku mirongo abipakiza na bus kubituro vy’ama bus i Bujumbura mu gihe bizoba ngombwa.

0

Iyo niyo nyishu Umuvugizi w’Ubushikiranganji bujejwe Umutekano Pierre Nkurikiye yatanze ,aho yariko arabazwa utubazo n’abamenyeshamakuru.
hari ku kibazo c’uko havugwa akajagari mu ma parking y’abunguruza ibintu n’abantu mu gisagara ca Bujumbura hakoreshejwe ama bus, kuko abakokayi bahora batondesha batacemerewe gukora ico gikorwa bagirizwa kwiba abanyagihugu.
Arongera ati: “Abantu boba bariko barahuguza ngo ibintu biracika, ni aboba bakozweko n’ingingo Ubushikiranganji bwafashe yo guhagarika itozwa ry’intererano ku mashirahamwe atarwanira inyungu z’abo avuga ngo araserukira. Ako ni agashavu” kandi ngo na kare “Ni vyakenerwa ko abantu batangura gutondeshwa ku ma parking, Mairie nico ibereyeho izogitorera inyishu”