Impusha bita «Visa» uwo wese yipfuza kwinjira mu Burundi yahora asaba mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu ntizigikenewe k-uwufise impapuro zisabwa. aremerewe kurihira urwo ruhusha ku rubibe binjiriyeko.
Iyo ngingo iri mu rwandiko ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano hamwe n-intwaro rusangi bwasohoye kuri uwa 3 Kigarama 2021. Ubwo bushikiranganji bwasiguye hibonekeza abantu benshi basaba izo mpusha ku butaka bw-uburundi canke kuzirihira ku kibuga hamwe no ku mbibe bivuye ko buserukizi bw-uburundi usanga buri kure yabo.
Abatari bake mu barundi bari hanze y-igihugu bavuganye n-ikinyamakuru UBM News barakenguruka cane iyo ngingo yafashwe na Leta y-uburundi , bakavuga ko vyari bibabaje kubona abana b-uburundi bazerera bariko barondera impusha zo gutaha iwabo , hatibagiwe n-abanyamahanga bama bipfuje kuza gutemberera uburundi canke kuzana imitahe yabo kugira baze kuhakorera ariko bikabagora.
Recent Comments