Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsImpusha bita «Visa» uwo wese yipfuza kwinjira mu Burundi yahora abanza gusaba...

Impusha bita «Visa» uwo wese yipfuza kwinjira mu Burundi yahora abanza gusaba zakuweho.

Impusha bita «Visa» uwo wese  yipfuza kwinjira mu Burundi yahora asaba mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu  ntizigikenewe k-uwufise impapuro zisabwa. aremerewe kurihira urwo ruhusha ku rubibe binjiriyeko.Image

Iyo ngingo iri mu rwandiko ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano hamwe n-intwaro rusangi  bwasohoye kuri uwa 3 Kigarama 2021. Ubwo bushikiranganji bwasiguye hibonekeza abantu benshi basaba izo mpusha  ku butaka bw-uburundi canke kuzirihira ku kibuga  hamwe no ku mbibe  bivuye ko  buserukizi bw-uburundi usanga buri kure yabo.

Abatari bake mu barundi bari hanze y-igihugu bavuganye n-ikinyamakuru UBM News barakenguruka cane iyo ngingo yafashwe na  Leta y-uburundi , bakavuga  ko vyari bibabaje kubona abana b-uburundi bazerera bariko barondera impusha zo gutaha iwabo , hatibagiwe n-abanyamahanga bama bipfuje kuza gutemberera uburundi canke kuzana imitahe yabo  kugira baze kuhakorera ariko bikabagora.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments