Etiyopiya: Ingabo z-ico gihugu zigaruriye ibindi bisagara bikomakomeye vyari vyarifatiwe na TPLF.

0

Kuri uyu wambere, Leta ya Etiyopiya yatangaje ko yigaruriye ibindi bisagara bibiri vya Dessie na Kombolcha, vyafatwa nk-ibisagara  bikomakomeye  vyari  vyaramaze kuja mu minwe  y-abarwanyi b-umuhari TPLF hamwe n-abo bacuditse hamwe.Ethiopie: offensive de l'armée contre les rebelles tigréens en Amhara - Le  Point

Igisata ca Leta kijejwe gutangaza amakuru cacishije kuri Twitter  kivuga ko ibisagara vya Dessie na Kombolcha  kugeza ubu bigenzugurwa n-ingabo za Leta. Izo nazo zaheruka gutangaza kandi ko zigaruriye ibindi bisagara bibiri  biri mu buseruko bw-ico gihugu.

Nkuko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika, Ivyo bisagara bibiri vyasubiye mu minwe ya Leta, vyari mu ntara ya Amhara, ni ku biremetero 400 uvuye ku murwa mukuru wa Addis-Abeba. TPLF ikaba yari yatangajeko yabifashe mu mpera z-ukwezi kw-icumi kw-uy-umwaka.

Ku rundi ruhande, TPLF ibicishije ku muvugizi wayo Getachew Reda yavuze nawene abicishije kuri Twitter kuri uyu wambere ko abarwanyi bawo bahisemwo kuva mu bisagara vya Kombolcha na Dessie kuko ari umukenyuro wa gisirikare bahisemwo.