Incanco za Covid-19 zo mu bwoko bwa Johnson and Johnson zatanzwe n-ubumwe bwa Afrika kuri Leta y-uburundi.

0

Incanco zigera ku 151.200 zo mu bwoko bwa Johnson and Johnson zatanzwe n-umuryango w-ubumwe bwa Afrika kuri Leta y-uburundi kuri uyu wambere igenekerezo rya 6 Kigarama 2021.No photo description available.

Izo ncanco zikaba zakiriwe n-umushikiranganji w-amagara y-abantu no kurwanya ikiza ca SIDA. Umuganga Sylvie Nzeyimana  akaba yashimiye uwuserukira umuryango w-ubumwe bwa Afrika  yongera yibutsa abarundi ko bobandanya bakurikiza amabwiriza yo kwirinda no kwikingira  umugera wa Coronavirus.

Tubamenyeshe ko  mu kwezi kwa Gitugutu niho hatangura gushika mu Burundi incanco za Covid-19  zo mu bwoko bwa sinopharm zituruka mu gihugu c-ubushinwa. Ibihaye bikaboneka ko abariko biteza izo ncanco bari ku rushi haza umwumwe na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.