Akaba ari umurwi munini w’abarundi batahutse mu gihugu cabo bavuye mur’iyo kambi y’impunzi y’i Mahama. Iyo kambi ikaba irimwo abantu baba ibihumbi 60. Kuva aho intwaro ya Pierre Nkurunziza iviriyeho abo barundi bari bahunze imyiyerekano yo mu mwaka wa 2015 bakaba baciye batangura guhunguka batewe akamo na Leta y’Uburundi ibasaba kuza gusubira mu ngo zabo.

Ako kamo ko gutaha mu gihugu c’amavukiro kakaba kariko karitabwa n’abandi barundi bahungiye mu gihugu ca Ouganda aho bashikanwe n’indege kur’uyu wambere.





Recent Comments