Icegera ciwe akaba ari Emmanuel Ntahomvukiye yahoze ari umushikiranganji wo kwivuna abansi n’abahoze ku rugamba. Valentin Bagorikunda nawe akaba yahoze ari umushikiriza manza mukuru wa Républika y’Uburundi. Ayo matora akaba yabaye kur’uyu wa gatatu 16/12/2020, abari mu bwoko bwa bahutu bakaba ari bane abatutsi nabo akaba ari batatu bagize iyo sentare.

Charles Ndagijimana akaba ariwe yahora arongoye iyo sentare ijejwe kubahiza ibwirizwa nshingiro akaba ari nawe yemeje ivyavuye mu matora yo mu 2020. Ubu akaba atwara ishirahamwe SOCABU ryo gukinga impanuka no gutegekanya kazoza.
Valentin Bagorikunda akaba yabaye umushikirazamanza mukuru mu bihe bigoye aho abatavuga rumwe na Leta bavuga ko hari amadosiye y’ubwicanyi no kunyuruza itunga rya Leta atakozwe uko yategerezwa gukorwa. Ubu akaba yaramaze igihe atwara ishirahamwe ONPR rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi ba Leta.





Recent Comments