Kur’uyu wambere, igipolsi c’#Uburundi gitangaza kuba catoye ahantu hahora hakoreshwa mu kunyegeza abagore n’inkumi barungikwa kuba abaja mu mahangamu bihugu vy’abarabu nka Arabie Saoudite, Quatar, Oman. Ico kibanza kikaba kiri mu rugo muri zone #Buterere muri Quartier Miroir muri Mairie Bujumbura.

Basanzeyo abagore bashika 101 bugaranywe badashobora no guhamagara umuntu numwe, barindiriye kurungikwa hanze. Igipolisi kikaba gitera akamo umuntu wese abonye ibitagenda neza ko yoca abibwira igipolisi, ico gipolisi kikanegura abantu baba muriyo micungararo ya quartier Miroir ko batababwiye hakiri kare ibiriko bibera aho. Abantu babiri bakaba bamaze gufatwa.
Mwomenya ko Leta y’Uburundi n’amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe impunzi n’abimukira bagerageje gukurikirana abo bantu iyo bajanwa, no kuvugana nivyo bihugu bibakira ariko nta gukurikiza amategeko y’akazi n’impunzi canke abimukira bikwirikizwa. Ariko abo bantu baja kurondera akazi bakaba bashobora kwitura ubuserukizi bw’ibihugu vyabo n’ayo mashirahamwe mpuzamakungu ariko ntivyoroshe murivyo bihugu birangwamwo intwaro z’umukazo zinshingiye kw’idini rya Islam.





Recent Comments