Impunzi Zishika 7 000 Z’Abakongo Ziramaze Guhungira Mu Burundi.

0

Impunzi z’abakongo zishika 7 000 nizo zimaze guhungira mu Burundi gushika kuri uyu musi wa gatanu,nk’uko igipolisi c’Uburundi kibimenyesha. Izo mpunzi zibonwa zikoreye ama matelas, ama sakoshi, ama plaques solaires, intebe hamwe n’indobo, zirinjira mu Burundi na cane cane mu ntara za Makamba na Rumonge kuva ku musi wa gatatu muri iyi ndwi bahunga imigwano ikaze iriko ibera mu Buseruko bw’igihugu ca Republika iharanitra Demokrasi ya Kongo.

Umuntu umwe yamenyesheje AFP ko ‘ejo ku wa kane vyagaragara ko ikiyaga Tanganyika cari cuzuye ubwato butandukanye, bwuzuye impunzi zifise nivyabo bahungira mu Burundi’.

Igipolisi c’Uburundi camenyesheje uyu musi wa gatanu ko abantu bashika ku 6 692 bamaze kwandikwa nk’impunzi kuva ku musi wa gatatu bahunga intambara ziri hagati y’inyeshamba za Yakutumba n’abasoda ba Leta ya Kongo.

Ariko rero izo mpunzi z’abakongo ntizorohewe kubera ko zibayeho mu ‘mimerere mibi cane’ ;zikanamenysha ko “ata bifungurwa canke amazi benshi muri bo baronka, eka mbere bakaba batagira n’utuzu twa surwumwe”.

Nta mutegetsi wo mw’Ishirahamwe ryitaho impunzi HCR hamwe na n’uwo muri Leta y’Uburundi wo ku rwego rwo hejuru aragira ico avuze kuri ukwo guhunga kw’abakongo binjira mu Burundi.