UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Francine Niyonsaba asaba abarongoye CNO gutanga imihoho inyuma yo kutamushira ku rutonde rw’abazokwitabira jeux olympiques 2024.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba asaba abarongoye ishirahamwe CNO ko bokinjura bagatanga imihoho inyuma yaho batamushiriye mu banonotsi bazoserukira igihugu c’uburundi mu nkino za Jeux Olympiques zizoba mu mwaka wa 2024.

Lydia Nsekera arongoye CNO avuga ko impamvu zatumye Niyonsaba adashirwa ku rwo rutonde rw’abanonotsi bazokwitabira inkino za Jeux Olmpiques mu mwaka wa 2024 ari ukubera ko uwo munonotsi ari mu bigeme 13 bakwiye kugabanya ibinure vya “testosterone” kugira bemererwe gukina.

Francine Niyonsaba avuga ko ariko ararenganywa ko kandi adatahura ukuntu abo muri CNO batamufasha kumurenganura ahubwo ngo bakaba aribo bamuca intege.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments