UBM News ads

Abantu bemeye gusezeranya abantu bambaye umwambaro wa karaté bakoze ikosa-karerwa Ndenzako

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Gusezeranya muri komine abantu bambaye umwambaro wa karaté nugutitura imico n’akaranga vy’igihugu.

Jean Claude karerwa ndenzako arongoye ibiro bijejwe imico n’akaranga mu biro vy’umukuru w’igihugu avuga ko abameye guseranya aba bantu bakoze ikosa rikomeye.

Inyuma yaho hagaragariye ama foto ku mbuga ngurukana bumenyi zitandukanye zerekana umusore yagiye gusezerana n’uwo bazobana bafasheibendera y’igihugu,umusore akaba yari yambaye umwambaro wo gukina karaté,Uwujejwe ibiro bijejwe imico n’akaranga mu biro vy’umukuru w’igihugu Jean Claude karerwa Ndenzako avuga ko abantu bemeye guseranya aba bantu bakoze ikosa rikomeye cane kuko ibi biza gusubiza inyuma no guhonyanga imico n’imigenzo vy’igihugu kandi ko imico n’akaranga vy’uburundi arivyo gukingira.

Karerwa Ndenzako avuga ko hamwe bobireka uko mu misi hokwiyadukiza abaza gusezeranwa bambaye impuzu zo kwoga kandi bakaza gufata ibendera ry’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments