Monday, September 26, 2022
HomeNewsImpunzi Z'Abarundi Zahungiye Tanzania Ziragira Urugendo Rugoye Zimukira Mu Nkambi Ya Nakivale...

Impunzi Z’Abarundi Zahungiye Tanzania Ziragira Urugendo Rugoye Zimukira Mu Nkambi Ya Nakivale Mu Buganda.

Impunzi z’Abarundi zahungiye mu makambi y’impunzi mu gihugu ca Tanzania ziragira urugendo rugoye kandi rurimwo akaga zimukira mu nkambi ya Nakivale mu gihugu c’Ubuganda, kugira bashobore kurondera aho ubuzima bwoba bworoshe kurusha muri Tanzania.Naho bakora urugendo rurimwo akaga baja mu Buganda bava Tanzania, izo mpunzi zirashima ukuntu zakirwa neza mu Nkambi ya Nakivale mu Buganda.

Izo mpunzi z’Abarundi ziragira urugendo rw’imisi ibiri canke itatu n’amaguru bafise n’ivyo bitwaje kugira bashike mwiyo kambivya Nakivale,urugendo rurimwo gupfa no gukira ku bahitamwo kugenda mwiyo kambi.

Impunzi imwe yahisemwo gutoroka ikambi yiganiye isoko ryino nkuru ati:” Kugira ngo ushike mu Buganda,ico si igikorwa coroshe.Mu nzira ku ruhande rwa Tanzania,barahagarika abantu natwe duca tubwirizwa kugenda duca mu mashamba mu misi ibiri.Ahandiho woca uhagarikwa kuko uba utorotse ikambi,ntivyoroshe gufata urwo rugendo”.

Kugira abo barundi bashike mu Buganda, izo mpunzi z’Abarundi zirikora ku mfashanyo y’abatanzania bamwe bamwe. Umwe muri izo mpunzi avuga ati:” Umusi umwe nisanze natse indaro ku mu pasitori wumutanzaniya!Yaciye ampa uwunyereka akayira gaca mwishamba mwijoro agenda aramurika aho duca kugira simpave mpagarikwa nigipolisi ca Tanzania”.

Imbere yo kuva muri Tanzania, impunzi nyinshi z’Abarundi zihitamwo kugurisha ivyo zitunze canke zikabisiga aho Tanzania. Impunzi imwe yahisemwo kwimukira mu Buganda avuga ati:” Twabwirijwe kwitwaza utuntu dukeyi, ibindi tubisigira ababanyi!Abandi bahitamwo kugurisha utwo batunze kugira baronke udufaranga tubafasha mu kwiyunguruza”.

Muri kino gihe, impunzi z’abarundi zahisemwo kwimukira mu nkambi ya Nakivale mu Buganda barashima ko ubu ubuzima bwifashe neza ugereranije nuko bwari bwifashe muri Tanzania.Izo mpunzi zikamenyesha ko n’izindi mpunzi z’abarundi zibandanya ziyongera zimukira Mu Buganda.

Impunzi imwe yashitse neza muri iyo kambi ya Nakivale mu Buganda imenyesha iti:” Aha turashobora kuja gusenya inkwi zo guteka twisanzuye ata wuduhohotera nkuko twahohoterwa mu nkambi y’impunzi ya Mutenderi muri Tanzania.Kandi nigihe tugiye gukorera amafaranga mu mirima,turahembwa neza,rimwe na rimwe tukaronka n’ibifungurwa”.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...