Impunzi Z’Abarundi Muri Tanzaniya Zagabishijwe N’Abatwara Inkambi.

0

Inyuma y’aho muri iyi ndwi impunzi z’Abarundi zo mu nkambi ya Nduta zikoreye imyiyerekano basaba gutahukanwa,ubutegetsi bwiyo kambi bwagabishije izo mpunzi ko ari nka hamwe zosubira gutera imigumuko vyofatwa ko ari ugutera igihugu ca Tanzaniya.

Muri iyo myiyerekano bakoze, abo barundi basaba ko botahukanwa mu Burundi kubera ubuzima bubi babayemwo.Impamvu bavuga nuko ibifungurwa HCR yahora ibaaronsa vyagabanutse cane ku buryo ku kwezi umuntu umwe yahora aronka ibiro 10 vy’ifu y’ibigori ubu aronswa ibiro 4 canke 5 ku kwezi.

Kubera ukwo kubaho badafungura bihagije,vyaratumye baca bugariza ibiro vy’uwutwara ikambi ya nduta,hama mu nyuma bugariza uwuserukira Ishirahamwe ryitaho impunzi HCR,aho izo mpunzi zanateye amabuye ku modoka z’abategetsi.

Tugerageje kubaza impunzi zimwe zimwe mu nkambi ya Nduta muri Tanzaniya,bamwe bavuga ibitandukanye: Bamwe bavuga abantu barenga 15000 bamaze kwiyandikisha ngo bahunguke ari imbonerakure zari zabinyegejemwo.

Abandi nabo bakavuga ko abategetsi batwara ikambi badashaka kubahungura kugira babandanye babungukako ubuzi n’izindi nyungu.Muri iyo kambi irimwo impunzi z’abarundi zirenga 120 000, hama havuzwe ibibazo vy’umutekano muke,aho abantu bamwe babura irengero ryabo abandi bakicwa.

Naho hagiyeho umugwi nyabutatu ugizwe na Leta y’Uburundi, HCR na Tanzaniya wiga uko ikibazo co guhungura impunzi cogenda,biragaragara ko bitazokworoha,kuko HCR yonyene ikibona ko mu Burundi hataratekana,bikiyongera kuvyo abakuru b’ikambib’ikambi bavuga ko hataragera gutahuka.

Tanzaniya yakiriye impunzi z’abarundi zirenga 300 000, izindi mpunzi z’abarundi zikaba ziba mu makambi ya Nyarugusu na Mutendeli.

Ikindi kimaze kumenyekana ni uko kuva aho Umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe Magufuli avugiye ko Abarundi botahuka,abenshi batiyumvamwo gutaha baratekewe n’ubwoba ku buryo benshi baca bahitamwo kwimukira mu bindi bihugu nka Malawi no mu Buganda bagafata urugendo rurimwo akaga ko gutoroka ikambi maze bagashikira mu makambi y’impunzi babe baramara kabiri kuko bo bavuga ko ico bahunze kitaratorerwa umuti.