Impunzi Z’Abarundi Muri Kongo Zanse kwandikwa Mu buryo Bwa None.

0

Impunzi z’Abarundi zirenga 2000 zisanzwe ziba mu nkambi y’imfatakibanza mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya kongo nubu zahakanye ko zitemera kwandikwa mu buryo bwa none( enregistrement biometrique), bakavuga ko ubwo buryo bwo kwandikwa budahuje n’ukwizera kwabo.Izo mpunzi z’Abarundi zikaba ari abakurikizi ba Zebiya, bamanyesha ko bahunze ugutotezwa kubera idini ryabo.

Nkuko itororokanirizo ry’amakuru AFP ribimenyesha, izo mpunzi z’abarundi zishika 2167 barahiye bararengwa ko batagenda banditswe naho hamze gukorwa utwigoro tutari duke dukozwe n’amashirahamwe afasha impunzi nka HCR n’amashirahamwe yandi yaho muri iyo kambi mu ntara ya Sud Kivu.

Iryo yandikwa rikaba risaba ko zo mpunzi zandikwa hakoreshejwe uburyo bwa AND hakoreshejwe ugushira urutoki ku vyuma vyabigenewe hamwe no kubacisha mu vyuma kugira vyorohe kuza barakurikirana mu kubaronsa ivya nkenerwa. Abo bakurikizi ba Zebiya bakaba bemera ko bama babonekewe na Mariya nyina wa Yezu.

Izo mpunzi zikaba zimaze guhabwa gasopo incuro nyinshi ko zitemewe kwandikwa muri ubwo buryo hazofatwa ingingo zindi kandi zishobora kugira ingaruka zibabaje kuri izo mpunzi.