Abasoda bo mu Rwanda boba binjiye muri Congo kurwanirayo.

0

Igihugu c’Urwanda hamwe n’intwaro yaco ya Kagame coba cararungitse abasirikare baco mu buseruko bw’igihugu ca Kongo kugira ngo kirwanye imirwi irwanye intaro ya Kagame.

Ibinyamakuru bimwe bikamenyesha ko abasirikare b’Urwanda bacumbitse cane mu gace ka Beni muri Nord Kivu.

Bikavurwa kandi ko hari n’impunzi ziwe zimwe z’abakongo zoba zatanguye guhungira mu gihugu c’Ubuganda gihana urubibe na Congo.

Mu buseruko bwa Kongo hakaba hari imirwi myishi irwana, yaba iyiva mu Burundi, muri Congo nyene( Mai Mai), Urwanda(FDLR) na Uganda.

Iyo migwi keshi ikaba ikunze guhitana abantu n’ibintu, kenshi ikaba mu turere turimwo amabuye y’agaciro aronderwa cane mw’isi.

Ikinyamakuru kimwe kikavuga ko abasirikare b’Urwanda bashobora kuba batanguye kwinjira mu buseruko bwa Kongo mu ntango za Ntwarante uyu mwaka.

Umukuru wa Kongo, Tshisekedi na mugenziwe w’Urwanda, Kagame, bagize imisi baboneka nk’aho begeranye cane, naho uw’Urwanda yari yiyamirije ivyavuye mu matora yatumye Felix Tshisekedi atsinda.