Imisi yo gupima coronavirus igiye kuba 7 kubinjira m’Uburundi

0

Izo n’ingingo zafashwe n’umurwi ujejwe gukinga ingwara ya coronavirus m’Uburundi. Ukaba urongowe n’umushikiranganji Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika icegera ciwe akaba ari umushikiranganji Thaddée Ndikumana.

Mwitanganzo basohoye kur’uyu wa gatanu bamenyesheje ko imbibe z’Uburundi zugaye kubaza n’amaguru canke baciye mu mazi. Bakamenyesha ko harekuriwe gusa kurengana amakamyo n’ubwato bizanye ibidandazwa. Baramenyesha kandi ko ikibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye kiguma cuguruye ariko ingenzi zizomara imisi 7 bapimwa ico kiza incuro zibiri zose.

Amahoteli yemeye kwakira izo ngenzi ntabandi bantu yemerewe kwakira bava hagati mu gihugu. Abava ku kibuga c’indege nabo bazoherekezwa n’igipolisi mu ntumbero yo gukwirikiza iyo misi yo gupimwa no kutabonana n’abandi bantu. Abo bazosanga bagwaye bazoca bajanwa mu bitaro vyagenewe kuvura iyo ngwara bakazokoresha uburyo bwabo mu kwivuza.