Imigumuko muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika

0

Kur’uyu wa gatatu niho inama nshingamateka yari gushikiriza ivyavuye mu matora y’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yabaye mu mpera z’umwaka uheze wa 2020 murico gihugu gitunze gusumba ibindi kwisi imbere ya Chine n’Uburusiya.

Ariko Prezida Donald Trump arongoye ico gihugu muriki gihe akaba yaciye ahamagarira imigumuko y’abanywanyi biwe bo mu mugambwe waba Républicain bac abaza kugariza ivyo biro vy’amakoraniro.

Abantu barenga batanu bakaba bamaze gusiga ubuzima muriyo mishamirano n’igipolisi n’igisirikare co murico gihugu cahora gitanga akarorero mu gendo ya démokarasi. Prezida Trump akavuga ko yibwe murayo matora ariko bikamunanira gutanga ivyemezo. Iyo nama nshingamateka ikaba yahavuye ikorana iremeza ko umukandida w’umugambwe waba democrate Joe Biden ariwe yatsinze amatora. Akaba abaye umu prezida agira 46 azoba arongoye Reta zunze Ubumwe bwa Amerika.

Prezida Trump akaba ari umuntu asanzwe atunze cane murico gihugu umwe milliardaire bakaba benshi batumva igituma yihambira kubutegetsi kandi ariko arasambura demokarasi murico gihugu ca Amerika.   Mu ndwi zibiri naho Joe Biden azorahira yinjire mu mabanga y’Umukuru w’igihugu nimba Prezida Donald Trump azomwemerera.