Akarwi kabesha abantu mu kubaha impapuro za magendo kasambuwe n’igipolisi

0

Akarwi k’abagizi ba nabi kabesha abantu mu kubaha impapuro za magendo kasambuwe n’igipolisi muri zone ya Bwiza mu gisagara ca Bujumbura.

Nk’uko umuvugizi w’igipolisi, Pierre  Nkurikiye abivuga, abo bagize ako karwi k’inkozi z’ikibi bari bihaye mbere intumbero yo gutanga bene za mapapuro zitangwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu zerakana ko umuntu ata kiza ca Coronavirus agwaye.

Mu vyo ako karwi kafatanywe hamrimwo no kuba katanga impapuro zitandukanye z’amabanke yo mu gisagara aca Bujumbura hamwe n’izindi mpapuro z’amakaminuza amwe amwe nka Universite Lumiere de Bujumbura.

Ivyo bibaye mu gihe Ubushikiranhganji bw’amagara y’abantu bumeneysheje ko ibitigiri vy’abandura umugera wa Corona vyagwiriye cane muri kino gihe Abarundi bahora mu bijanye no guhimbaza imisi mikuru.

Umuvugizi w’igipolisi akaba asaba Abarndi bose kubandanya bashira mu ngiro za ngingo zo kwirinda ikiza ca Coronavirus.

Mukanenya kandi ko kuva ku wa 11 Nzero 2021, imipaka yo hasi no mu mazi yugaye kubw’ingezi uretse gusa ibidandazwa biza mu Burundi.