UBM News ads

Imishamirano yongeye kuboneka i Yerusalemu hagati y’Abanyapalestina n’Abayisilayeli.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu ijoro ryakeye i Yerusalemu habaye imirwano n’ibindi bikorwa hagati y’ Abanyapalestina n’Abayisilayeli. Uku gushamirana kwongereje icuka kibi mu muji mutagatifu, kandi biba mu gihe abayisilamu bari mu kwezi kwa Ramazani.

Uyu yari umunyepalistina yariko aracana umuriro mw’ibarabara

Nyuma gato y’amafunguro abayisilamu basanzwe bafata izuba rirenze iyo bari mu kwezi gutagatifu kwa Ramazani, azwi nka Iftar, Abanyepalestina bahise bacakirana na polisi ya Isirayeli hafi y’irembo rya Damasi. Videwo yagaragaye kuri rumwe mu mbuga ngurukanabumenyi rwa TikTok yerekanye umunyapalestina akubita umuyahudi hafi y’aho bategera gali ya moshi i Yerusalemu. Ibi vyatumye habaho igisa n’imyiyekano y’Abayisirayeli bahamagarira Leta ko polisi igomba gushira inguvu mu guhasha ivyo bikorwa.

Abanyapalestina bo bavuga ko igipolisi ca Isirayeli cababujije gukora amakoraniro basanzwe bakora mu bihe vy’ukwezi kwa Ramazani kw’irembo ryitiriwe Damasi, mu muji mutagatifu. Igipolisi ca Isirayeli cateye grenade, kinakoresha amazi mu rwego rwo gutatanya Abanyapalestina, nyuma nabo baje kubasubiza bakoresheje ibintu biturika.

Aha hantu habereye uku gushamirana, ni ahantu Abanyapalestina basanzwe bakunda kuruhukira bahejeje amasengesho ya ni mugoroba, ariko Abanyayisilayeli bo ntabwo babikozwa.

Ariko, polisi hamwe n’umuvugizi wayo ntibigeze batanga impamvu bashizeho izo bariyeli. Mw’itangazo ryasohowe mu minsi iheze, Polisi ya Isirayeli yavuga ko bafunze Abanyepalestina benshi babagiriza gutera amabuye no gusotora abapolisi.

Isirayeli ivuga ko umuji wose wa Yeruzelemu, ari umurwa mukuru wayo, harimwo n’igice c’iburasirazuba yigaruriye mu ntambara yo muri 1967.

Abanyapalestina barashaka gufata agace kamwe ka Yerusalumu y’iburasirazuba karimwo abayisilamu, abakristo n’abayahudi bakakagira umurwa mukuru wa Leta nshasha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments