UBM News ads

Abateshejwe izabo n’iduga ry’amazi ya Tanganyika mu Rumonge baronkejwe imfashanyo.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads
Imfashanyo y’imfungurwa, ibikoresho vyo kwifuka, ivyo gukinjika hamwe n’ivyo kuvoma no gushinguramwo amazi yatanzwe ku miryango 234 yimuwe n’iduga ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika muri komine Rumonge, ku muhingamo wo kuri uyu wa 22/04/2021.
Iyo mfashanyo yatanzwe n’urwego rw’igihugu rujejwe gukinga ibiza n’isibe no gutabara abo vyashikiye rufashijwe n’amashirahamwe mpuzamakungu PAM, OIM na World Vision.
“Commissaire de Police” Anicet Nibaruta arongoye urwo rwego ashikiriza ko bagiye kuvugana n’abandi bagiraneza kugira ngo n’iyindi miryango yahuye n’ivyo vyago mu ntara ya Rumonge igarukirweko.
RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments