Agashavu n-imyidogo bitumwe n-agashahara k-intica ntikize ku basirikare batoya bahembwa.

0

Ku makuru dukesha n- umwe mubadaharanira ivyicaro vya politike Pacifique Nininahazwe abicishije k-urubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa facebook amenyesha ko abasirikare batobato  bamaze imisi bamwitura ngo abavugire ukuntu ngo bahembwa intica ntikize y-agashara.36 militaires dont 5 officiers en détention après avoir servi en Somalie -  SOS Médias Burundi

Bashimye kwitura uwo adaharanira ivy-icaro vya politike,  nk-umwe amaze iminsi avugira Imirwi y-abarundi itandukanye iba iriko irahahazwa ndetse akanakebura Leta kubiba bitariko bigenda neza kandi wewe  ngo afise ijwi ryoshika kure.

Abo basirikare batobato bamenyesha ko baravye ukwo bababayeho mu gashahara baronka buri kwezi basa n-uko bariho batariho bakavuga ko umushahara  bahembwa woba nkeka wizwe igisirikare c-uburundi kikitangura. Nk-uburorero batanga baravuga ukuntu nk-umusirikare mutoya w-ipete rya ˮcaporal‟agiye kubaza umushahara ahembwa bamubwira ko ari ibihumbi amajana abiri vy-amarundi  200.000Fbu ariko bagaca bakuramwo icayi ngo atabona,imikate nayone atabona eka ngo n-ibindi vyishi bamubwira ko bamukuriramwo mw-ayo mahera kandi atabibona munyuma akazosanga umushahara umushikira nturenga ibihumbi mirongo umunani vy-amarundi 80.000Fbu. Ikindi ngo umusirikare mutoya akiri mushasha ashikira ku bihumbi mirongo itandatu vy-amarundi 60.000Fbu, amaze imyaka mirongo ibiri mu kazi bakamuhemba  ibihumbi ijana vy-amarundi 100.000Fbu, uwukwije imyaka mirongo ibiri kukazi ugasanga niwe ageze ku bihumbi ijana na mirongo ibiri vy-amarundi 120.000Fbu. Bakamenyesha ko burya umushahara wabo basanze ngo ari muniniya nkuko hari ababibatohoreje ariko ngo baca babakatamwo amahera y-impuzu z-akazi, be n-ibifungurwa ariko ngo n-uwo mwambaro bawuhabwa rimwe mu mwaka ugasanga ngo hari nabo uza uba wabatabukiyeko  bakazorindira mpaka baronswe uyundi mwambaro. Ngo hagera ku mfungurwa naho bikaba ibindi kuko ngo bama ku mfungurwa imwe rudende= umuceri nibiharage ariko ngo ukumva bandikiwe mu gatondo icayi n-umukate, ngo bandikwe inyama batigera babona. Kubwabo basirikare bobo bipfuza ko boza babaha umushara ukwiye maze bakaza bigurira ubwabo ivyo baza babakata kuko ngo bohasanga akarusho kaniniya cane ivyo bakabivuga bisunze ukwo ngo abasirikare bagenzi babo bo mu gihugu c-u Rwanda ukwo basanzwe bafatwa.

Ibibazo ni vyinshi kw-uwo murwi w-abasirikare bato bato  kuko baribaza ukuntu amafaranga angana n-ibihumbi mirongo itandatu canke mirongo umunani vy-amarundi vyomutungira umuryango wiwe ni mugihe nka bose usanga bubatse aho bakenera kugaburira, kwambika  abagore  n-abana babo ndetse bakanabasomesha  abo bana ku mashure.

Abo basirikare bamenyesha ko ayo mahera yabo yoba akamanganira mu mifuko y-abakuru babo bakomakomeye ko babuze aho bavugira ni nayo mpamvu bashimye kubivuga nk-abariko baritabariza naho ngo bazi ko bashobora kubizira  ariko imyidogo n-agashavu ngo bafise vyumvwe n-abategetsi bakomakomeye mu gisirikare c-uburundi ndetse n-umukuru w-igihugu c-uburundi we basanzwe bamufata nka Se Barundi , kizigenza mu ngabo z-igihugu.