UBM News ads UBM News ads
Sunday, April 21, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Imfashanyo z’imfungurwa zitangwa na PAM ku mpunzi ziba mu Burundi zigiye kubagurwamwo kubiri.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Imfashanyo z’imfungurwa zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa kw’isi PAM ku mpunzi ziba mu gihugu c’uburundi zigiye kubagurwamwo kubiri kuva kuri uyu wa mbere Ndamukiza 2023. Biri mw’itangazo iryo shirahamwe riheruka gushira ahabona. PAM igasigura ko ukwo kugabanya izo mfungurwa biriko biterwa ahanini no kugabanuka kw’uburyo butangwa n’abafasha muri ico gisata.

Iryo shirahamwe mpuzamakungu ryitaho ibifungurwa rimenyesha ko mu Burundi hari impunzi z’abakongomani zishika ibihumbi 56, ziri mu makambi atanu. Bahora baronka amafaranga canke imfungurwa ziharurwa kuyarenga gato igice c’idorari ku musi , ku mpunzi imwe imwe.
PAM ikavuga kandi ko iyo ngingo izotuma ibibazo vyo gufungura vyongerekana ku mpunzi, bikazoshobora gutera uruhagarara hagati yazo n’ikibano cazakiriye, hafi y’ahageneye amakambi canke ibigo vy’imfatakibanza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments