UBM News ads
Monday, March 4, 2024
No menu items!
UBM News ads

Denise Nkurunziza avuga ko yamaze imisi ibiri aziko umucance wiwe Nkurunziza yapfuye ariko abangira kubivuga Leta itarabitangaza.

Umutambukanyi w’uwahoze arongoye uburundi Denise Nkurunziza avuga ko yamaze ikiringo c’imisi ibiri azi ko umugabo wiwe umuhisi Petero Nkurunziza yapfuye ariko abangira kubivugira hejuru Leta itarabitangaza.Pasitori Denise Nkurunziza yabivugiye mu kiganiro yahaye iradiyo y’abongereza BBC.

Denise Nkurunziza agira ati :”Nabimenye mu gitondo, ariko nagiye kubivuga ku mugoroba w’umusi ukurikira. Sinari gutanga igihugu kubivuga , kuko yari uw’igihugu”
Pasitori Denise Nkurunziza ariko avuga ko ivyo vyashitse amaze imisi mu masengesho yo gusaba Imana gushima mu bibi no mu vyiza.
Umupfakazi Denise Nkurunziza amenyesha ko umugabo wiwe amaze kwitaba Imana abantu bambere bonyene yashoboye kumenyesha iyo nkuru y’umubabaro, ni abana biwe ba mbere, ariko arabihanikiriza kubivuga imbere y’uko igihugu gisohora itangazo.

Agira kandi ati :” Nahamagaye umuhungu wanje mukuru yari I Bujumbura , ndamubwira ko se wiwe aremvye , ko aduga kumuraba mu bitaro I karusi. Ariko naramwihanikirije ko ataza kwinjira mu bitaro atambariye. Inzira yose nagumye ndamuhamagara ndamubaza aho ageze. Ageze aho bahagarika imiduga ku bitaro , naramurindiriye araheza guparika nca ndamumenyesha iyo nkuru ko se yitavye Imana . Ndamubwira ko yogerageza akihangana yifate rugabo. Kandi narabajije abandi bahari , yarigumije”

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments