Kuri uyu wa gatandatu mu gisagara ca Kigali mu gihugu c’urwanda, hiriwe harahungabana amabendera y’umugambwe uri ku butegetsi FPR-Inkotanyi , hakaba hari hatunganijwe ihuriro mpuzamakungu ry’uwo mugambwe mu ntumbero aho ugeze ku rugero rwa Afrika no mu Rwanda. Mu batumire, harimwo umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi CNDD-FDD intumwa z’uwo mugambwe zikaba zaserukiwe na Cyriaque Nshimirimana , icegera c’umunyamabanga mukuru w’uwo mugambwe. Izo ntumwa zikaba zihayagiza urwego rudasanzwe umugambwe FPR-Inkotanyi ugezeko mu gushikana igihugu kw’iterambere yaba ku mugabana yaba ku mugabane wa Afrika canke mpuzamakungu.
“Nta muntu n’umwe yohakana iterambere rijanye n’ubutunzi , umutekano mu gihugu, isuku rijanye n’ibidukikije, ubutunzi mu bijanye n’ibinyabuzima hamwe n’uburongozi bujanye n’iyerekwa. Izo nkingi zagize urwanda igihugu cizewe ku rwego mpuzamakungu” Niko vyatangajwe na Cyriaque Nshimirimana.
Yarongeyeko ati “Ndashobora kwemeza ko urwanda rushobora kuba akarorero muri ivyo bisata mu karere kandi mu bijanye na politike ishingiye ku kubaho neza kw’abanyagihugun’urunganwe rwa kazoza”
Urwo rugendo rw’intumwa z’umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi rwerekana iyindi ntambwe mu bijanye no kunagura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bibiri.
Hagati yo mu mwaka wa 2025 na 2020, umugambwe CNDD-FDD wari wabaye umwansi ukomeye wa FPR n’uburongozi bw’urwanda . Ikinyamakuru Sos Medias Burundi, candikira ku mbuga ngurukanabumenyi, kivuga ko abanywanyi b’umuhari w’urwaruka rw’imbonerakure , urwaruka rwegamiye CNDD-FDD, hageze igihe aho batuka umukuru w’igihugu c’urwanda Paul Kagame bari ku rubibe rugabura uburundi n’urwanda , mu guhindura izina izina ryiwe muri “Paul Kagome”bakamwita “umwicanyi karuhariwe”nkuko bibandanya vyandikwa na Sos Medias Burundi.