Umwungere mukuru wa Ekleziya Katorika Papa Francis yemeje kuri uyu wa gatandatu ko musenyeri Simon NTAMWANA aja mu karuhuko. Papa Francisco akaba yaciye agena umwungere mushasha wa Diyoseze nkuru ya Gitega, Musenyeri Bonaventure NAHIMANA uwo nawe akaba yararongoye Diyoseze ya Rutana.
Musenyeri NTAMWANA akaba yararongoye Diyoseze nkuru ya Gitega kuva mu mwaka wa 1997 . Akaba yasubiriye Musenyeri Joachim Ruhuna yapfuye agandaguwe mu mwaka wa 1996 n-abaroberi b-umuhari wa FDD warwana ico gihe.





Recent Comments