Urutonde rushasha rw-abantu bafatiwe ibihano n-igihugu c-ubwongereza rwasohotse ku musi wambere rutarimwo amazina y-abarundi bane bafatiwe ibihano n-umuryango w-ubumwe bwa buraya. Ubwongereza busigurako naho ibihano bwafatiye igihugu c-uburundi bifise inkomoko kuvyari vyafashwe n-ubumwe bwa buraya , bwobwo butashimye kwongerako ibihano bifatirwa abantu ku gatwe kabo. Ubwongereza bukamenyesha ariko ko buzoshirako amazina igihe cose buzobona bikenewe. Ibihano vy-umuryango w-ubumwe bwa buraya, ivyo bihano vy-ubwongereza bukomokako bikaba ari bimwe biheruka kwongerwako ikiringo c-umwaka kuva mu mpera zo mu mwaka uheze biri ku mushikiranganji Gervais Ndirakobuca,Umukozi mukuru wo mu biro vy-umukuru w-igihugu Godefroid Bizimana , umukozi w-iperereza Mathias-Joseph Niyonzima batazira «Kazungu» hamwe rero n-uwagirijwe kugerageza gutembagaza ubutegetsi mu mwaka w-2015 Leonard Ngendakumana .
Bamwe bari mu nama nshingamateka y-ubwongereza bakaba baraneguye iyo ngingo yo gukurako ayo mazina kuko ngo bitumvikana mu burundi naho hashizweho umukuru w-igihugu mushasha, Umurwi wa ONU warujejwe amatohoza ku burundi werekanye ko ubwicanyi bubandanya kandi abanyagihugu ubu bakibandanya baborezwa igufa , abandi bakanyuruzwa ntibasubire kuboneka, abandi nabo bagafungirwa ubusa . Ayo mazina akuweko rero, ivyobihano nta nguvu zikwiye biba bigifise . Abandi ariko babona ko ivyo bihano ahubwo vyokurwaho kuko ngo bituma abarundi baja mu bukene bwinshi burusha ubwo basanganywe iki gihe.
John Dawson Eccles avuga ko igihugu c-ubwongereza iyo kiba gifitiye impuwe ico gihugu , kitari gikwiye gufatira ku ngendo y-ubutegetsi mu gihe kanaka ahubwo ko cari gushimikira cane cane ku bijanye no guteza imbere mu vy-ubutunzi igihugu c-uburundi gisanzwe gikenye cane .
Muri iryo hanahanwa ry-ivyiyumviro ryabereye mu nama nshingamateka kuwa 19 Nzero 2022, uwarajejwe gushikiriza ivyiyumviro mu bijanye n-iyo dosiye y-ibihano vyagumijweho ku burundi kuva muri kigarama , yasiguye ko naho ayo mazina y-abo bategetsi atashizweko, ivyo bihano vyagumanye inguvu nk-ivyo vyari bifise ubwongereza bukiri mu muryango w-ubumwe bwa buraya . Iruhande yo gusaba uburundi kwubahiriza agateka ka zina muntu harimwo ak-amashirahamwe yigenga n-ak-ibinyamakuru, Andrew Michael Gordon Sharpe  yavuze ko ubwongereza bubandanya busaba uburundi kwemerera umukomiseri mukuru wa ONU ajejwe ivy-agateka ka zina muntu gusubira gukorera mu gihugu, ivyo biro bikaba vyugawe ubutarariye kuwa 28 Ruhuhuma 2019 bitegetswe na Leta y-uburundi . Ikindi igihugu c-ubwongereza busaba busaba, ngo nuko Leta y-uburundi yemera gukorana n-intumwa idasanzwe ya ONU izoba ijejwe agateka kazina muntu mu gihugu c-uburundi . Iyo ntumwa ya ONU bitegekanijwe kuzogenwa mu kwezi kwa Ntwarante 2022 , Leta y-uburundi yaratangaje ko itazoyakira ku butaka bwayo.





Recent Comments