Fatanya nanje kano kanya dusubize amaso inyuma twese turabe uko uyu mwaka uheze muko wagenze, ese vyari kutugendera gute iyo Imana itatuba hafi ?
Abenshi bagereranya umwaka nk’ishamba ry’inzitane, umuntu yinjiramwo atazi ico azohuriramwo imbere, akinjiramwo yizeye gusa inkomezi z’Imana, yizeye gutabarwa kuva mw’ijuru, yaja kubona akabona umwaka urashize, ubwo rero gusubiza amaso inyuma ukaraba aho Imana igutambukije vyari bikwiye kuguha n’icizere c’ejo hazaza. Kuraba abo yagiriye neza, vyari bikwiriye kukuremamwo umutima ko nawe Imana izokugirira neza.
Iyaba Uwiteka atariwe wabaye mu ruhande rwawe, igihe wari urwaye , igihe mu kazi bari hafi kukwirukana, igihe wari wabuze amahera yo kwishura inzu hamwe n’ibindi vyinshi ariko Imana Ishobora vyose kuko itabura uko ibigenza irahaseruka iragufasha.
Murivyose ndangije mbipfuriza Umwaka musha wi 2014 kandi mbibutsa ko Imana irikumwe namwe muri vyose.
Recent Comments