UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Ubu bukwe buheruka kubera hano bw’abaye ubwambere ” Irabire nawe muko vyari bimeze !

UBM News ads

Nyuma y’igihe kinini Gustave hamwe n’umukunzi wiwe Vestine bari bamaze bari mu myiteguro y’ubukwe bwabo, kuri uwu wagatandatu uheze igenekerezo rya ( 12/28/2013 ) Niho basezeranira imbere Y’Imana ndetse bongera bashitsa rya sezerano rivuga ko umuntu azoheba se na nyina akaja kubaka urwiwe.

Mu majambo bose bemeranije ko batazokwigera barenga, bagize bati : Jewe unomusi ndemeye ko uzambera umufasha wanje kandi ngusezeranije ko ntazoguhemukira mu buzima bwanje bwose, ari mu mahoro canke mungorane, waba muzima canke urwaye, Nzokubaha kandi nzogukunda kugeza gupfa.

1

ibirori vy’ubukwe bwabo, kuruwo musi bikaba vyararanzwe n’udusha ndetse n’ivyishimo bidasanzwe kuri bo hamwe no ku ba vyitabiriye, Abantu benshi cane baba hano muri Leta zunze ubumwe za America bari bishimiye cane ubu bukwe, aho baca hose vyagaragaraga ko bwari bwitezwe cane.

Ubu bukwe nibwo bwabaye ubwambere bubereye hano muri ( Dallas, Texas ) bwakunzwe n’abantu batari bake kandi bukongera bukitabirwa nivyamamare ( aba STAR ) b’abarundi benshi baba hano muri Leta Zunze ubumwe za America.

Muvyamamare ( aba Star ) b’abarundi bari bitabiriye ubwo bukwe, harimwo umuhinyanyuzi akomeye dufise wama Video aba muri Houston, Texas ( Young PDK ) , umukinyi rurangiranwa wama Movie aba hano muri Dallas, Texas ( Big Chiza ), umuririnvyi aba muri Fort Worth Texas azwi cane mu ndirimbo ya ”Akana Kamabukwe ” ( Dj Philip ), umuririnvyi aba muri Chicago ubu afise indirimbo ikunzwe cane yise ”Love Nyoko ” ( Aime Baltimore ) ” umuririnvyi akunzwe cane mu ndirimbo zo guhimbaza Imana ” Methuselah Nzisabira ” umuririnvyi azwi n’abantu benshi cane akunze gukorera ibiteramo iburayi ( Nziza Desire ),Umwe mubasanzwe basetsa ( Comedy ) aba muri Houston Texas ( Nehemie Kwizera ), Sivyimbeshere abaririnvyi bari benshi cane aho kandi tutokwibaira nka Florance, Kevin, Nana, Juma, Pizzy, hamwe n’abandi benshi.

2

Hano musi ni amafoto y’ukuntu ibintu vyose vyagenze !

3

Umuririnvyi rurangiranwa ”Methuselah Nzisabira ” arikumwe n’umuririnvyikazi ”Florence ” azwi mu ndirimbo ya Mungu wangu Nakupenda !

4

5

uwu ni Didas abantu benshi bazi nk’umuririnvyi kandi akaba asanzwe ayoboye umuhari uzwi kwizina rya ”Hope Choir ”

6

Umunyamakuru kandi nkongera nkaba ndi umuyobozi mukuru wa UBMNews ( Eric Nyandwi ) hano narindi kumwe na Henry

7

Ernest Habimana ” Niwe yari yabaye DJ uyo musi !

8

Umuyobozi wa UBMNews ndikumwe n’abakunzi ba UBMNews ” wow umunezero wari mwinshi pe !

9

Umuririnvyikazi ”Florence ” azwi mundirimbo ya ” Mungu wangu Nakupenda ”

10

Big Chiza ” Umwe mubakinyi bama Movie akunzwe cane hano muri Leta Zunze ubumwe za America

11

Ivyamamare ( Aba Star ) b’abarundi bazwi n’abantu benshi hano Muri Leta zunze ubumwe za America, nabo nyene bari bitabiriye ubwo bukwe.

12

Uno mukobwa ni mwiza cane kandi aseka neza pe ” nawe nivyo wibonera !

13

Hano umunyamakuru kandi nkongera nkaba n’umuyobozi mukuru wa UBMNews, narindikumwe nivyamamare ( Aba Star ) baha muri America, uwo ni Big Chiza, Nziza Desire, Aime Baltimore hamwe na Kevin

14

Wari umunezero udasanzwe kuri twese, urya nkuko mu mubona ni umuhinyanyuzi wama Video azwi cane n’abantu benshi ” Young PDK

15

Bano baririnvyi barakunzwe cane kandi nivyamamare ” aba Star ” urya ni Dj Philip, Nziza Desire, Aime hamwe na kevin

16

Fredric hamwe na Claudine hano ivyishimo vyari vyinshi ! aba bari muri bamwe banezereje abantu uwo musi.

17

19

Bano batanvyi b’ingoma bashimishije benshi kuko bariko barazivuza kira muntu wese yabagumizako amaso !

18

20

Abantu bari bitabiriye ubwo bukwe bari benshi cane !

21

22

Umunyamakuru kandi nkongera nkaba numuyobozi mukuru wa UBMNews hano narindi kumwe na Big Chiza, Gadi, hamwe na Elie Biriho

23

25

26

Aba n’abakozi b’Imana ( Pastors ) baha muri Dallas, Texas

27

28

31

29

30

Ibirori vy’ubukwe bwa Gustave na Vestine vyari agahebuzo pe kandi bwarakunzwe cane ”Mw’izina ry’ubuyobozi hamwe n’abakunzi ba UBMNews.com twipfurije Gustave na Vestine kuzogira urugo rwiza, kuzovyara hungu na kobwa, Imana ikabagenera ibibatunga, ivyo batanga hamwe n’ivyo bazigama.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments