Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomeNewsNtivyoroshe : Ubwoya bwiwe butera ubwoba abahungu '' Raba amafoto yiwe yose...

Ntivyoroshe : Ubwoya bwiwe butera ubwoba abahungu ” Raba amafoto yiwe yose hano !

Hari ibintu bishikira umuntu mu buzima bwiwe, akibaza iyo vyaje biva bikamusiga. Umuntu aravuka akomeye, ari umwana asa n’abandi, ariko uko imyaka iza agahinduka. Uyu mukobwa ari muri benshi bahuye n’ivyago, amera ubwoya buteye ubwoba.

Izina ryiwe ni Queen ni umwana wa kane mu muryango w’abana batanu. Ni umukobwa afise imico myiza, ameze nk’abandi bose, arakomeye ariko afise ikibazo kitamworoheye mu buzima bwiwe. Ico kibazo afise ni uko, ubwoya n’umusatsi vyiwe bikura cane bikamwerekana nk’umugabo.

Queen yaganiriye n’ikinyamakuru co mu gihugu ca Tanzaniya Domo Langu avuga bimwe mu bibazo ahura navyo mu buzima bwa minsi yose. Avuga ati : “Ubwoya mfise nabutoranye kuri mama amvyara, bwatanguye kumera mfise imyaka 21. Uko imyaka yiyongera, ubu bwoya bwagumye burwira, none bugira bukwire umubiri wose.” Ico kinyamakuru kivuga ko kiretse ivyo vyoya bimwuzuyeko, ari umwigeme w’imico mwiza. Queen rero atangaza abamubona, nawe bikamutera isoni kandi bikamusamaza, avuga ati : “Mbere mbangamirwa n’ukuntu abantu bantangarira, bambonamwo ikiremwa kidasanzwe, ariko mu nyuma vyansavye kwemera, ndavyakira ukwo nyene vyaje, uku nyene naremwe …”

Queen avuga ko yumva isoni zo kuvugana n’abandi, ari na kimwe mu bintu bikomeye yahuye na vyo mu buzima. Yagize ati : “Sindabona umuhungu aza kundondera ansaba urukundo, kuko benshi barambona bakampunga bitewe n’uko meze”.

Sources : Igihe

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments