Rwasa Agathon yatanze impamvu abashingamateka bose b’Amizero batashoboye gushika

0

Ejo kw’genekerezo rya 27 Mukakaro 2015 niho habaye inama ya mbere y’abashingamateka yatumweko izorongora Leta nshasha ya Petero Nkurunziza aho mbere ivyo bikorwa vyashigikiwe n’uwo abarundi batari biteze ko yogera murivyo bikorwa, nawe akaba ari Rwasa Agathon atwara Amizero y’abarundi.

DSC_9258

Ariko naho yashoboye kuhashika, benshi mubashingamateka batowe mu mizero y’abarundi ngo bazowuserukire ntibashoboye kuhashika aho twovuga nka l’honorable Thérence Ndikumasabo yari yitezwe ngo arongore iyo nama akaba atashoboye kuhashika. Rwasa rero akavuga ati:  Nta macakubiri ari mu runani rw’Amizero y’Abarundi, nta nururiko ruraba, nimba batashoboye gushika uno munsi, ivyo ntibivuze ko batazokwigera batonda mu Kigobe muzindi nama zizokurikira.

Aho tukabamenyesha ko Rwasa Agathon atigeze yizera ko amashirahamwe mpuzamakungu ariyo yoshobora gutorera umuti ibi bibazo vya politike: Abarundi barahenzwe aho bizeye ko amashirahamwe mpuzamakungu ariyo afise gufata ibihano n’umuti wibi bibazo vya politike.

Ku bwiwe avuga ko naho abo batofasha,umuti wibibazo ngo wonatorerwa mu nama nshingamateka naho ivyiyumviro vyabo bishobora guhakanwa.