UBM News ads

Ikiyaga Tanganyika na Rusizi birabangamiye abanyagihugu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ikiyaga Tanganyika hamwe n’uruzi Rusizi birabagamiye cane abanyagihugu baba hafi yavyo kubera ko imyuzure yavyo.

Duhereye ku kiyaga Tanganyika, ababa ku nkengera z’ico kiyaga nko mu ntara ya Rumonge na Makamba baramaze kwimurwa no guterwa n’amazi ya Tanganyika kubera amazu yabo aba yatwawe.

Abahinga baravuga ko ababa hafi ya Tanganyika ko bokwama biteguye kuhava kubera ko ico Kiyaga gishobora gusubira inyuma y’aho cahora mu myaka50 iheze.

Ku bijanya n’Uruzi Rusizi rugabura Uburundi na Kongo mu Burengero bw’Uburundi, urwo ruzi rurabangamiye cane abanyagihugu bo muri Zone gatumba ku mupaka na Kongo.

Ku makuru yashizwe ahabona uyu musi mu gitondo, abanya Gatumba bazindutse bisanga bamwe bamwe amazu yatewe n’amazi kubera Rusizi yuzuye hama ica isesera mu mazu yabo.

Hakaba hamenyeshwa ko ibitari bike vyahononekariye aho mu Gatumba.

Leta y’Uburundi ntaco iravuga kuri iyo ngeramizi y’ikiyaga Tanganyika hamwe n’Uruzi Rusizi.

https://twitter.com/JimbereMag/status/1252158669879414784?s=20

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments