Thursday, June 8, 2023
HomeNewsIkiringo ca gatatu c'umuhisi Nkurunziza cahonyanze ibwirizwashingiro ry'uburundi n'ayandi mabwirizwa. (Sentare ya...

Ikiringo ca gatatu c’umuhisi Nkurunziza cahonyanze ibwirizwashingiro ry’uburundi n’ayandi mabwirizwa. (Sentare ya EAC).

Sentare ya Afrika y’ubuseruko mu gisata cayo co mw’iyungururizo caraye gitangaje ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza cahonyanze ibwirizwa shingiro ry’uburundi, amasezerano ya Arusha hamwe n’amategeko agenga umuryango wa EAC. Iyo Sentare yasomye urwo rubanza aho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike yo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yitwariye Leta y’uburundi mw’iyo sentare ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza.

Iyo sentare yo mu karere kandi ikaba yagiriza sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ry’uburundi kuba yahonyanze amategeko mukwemerera umuhisi Perezida Nkurunziza kwitoreza ikiringo ca gatatu.
Iyo sentare iti :« Mu mwaka wa 2015, sentare y’uburundi yubahiriza ibwirizwa shingiro yarahonyanze ibwirizwa shingiro ry’uburundi, amasezerano ya Arusha hamwe n’amategeko agenga EAC mu duce twayo twa 5,6,7 na 8 bitewe no kwemerera kw’iyo sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza».

Naho iyo sentare ya EAC yemeje urwo rubanza ukwo, Imenyesha ko idashoboye ko ishirwa mu ngiro ry’urwo rubanza ritoroshe kuko haza ubu mu Burundi hari izindi nzego nshasha ko kandi umuhisi Petero Nkurunziza yihagiye ico kiringo ca gatatu ata kiriho.

Mu mashirahamwe yo muri «société civile » yitwaye muri iyo sentare yoyo nyabuna asaba indishi y’akababaro yo gushumbusha abarundi bahuye n’amakuba yo mu mwaka w’2015 atewe n’ico kiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza ko ikindi sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro y’uburundi yakoze ihirikwa ry’ubutegetsi kuko kuva mu mwaka wa 2015 ata nzego zihari zikwirikije amategeko.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...