Sunday, September 25, 2022
HomePoliticsRwasa anegura amazina y'abatowe kuja mu nama nshingamateka ya EALA kuko ...

Rwasa anegura amazina y’abatowe kuja mu nama nshingamateka ya EALA kuko yagizwe ikinyegezwa.

Agashavu ni kenshi ku ndongozi z’umugambwe CNL inyuma yaho inama nshingamateka y’uburundi itoye kuri uyu wa gatatu amazina mashasha y’abagiye gusubirira abashingamateka baserukira uburundi mu nama nshingamateka igize umuryango wa afrika y’ubuseruko, EALA. Agathon Rwasa arongoye CNL akavuga ko abatowe bagizwe ibanga. Uwo arongoye uwo mugambwe akavuga kandi ko ari igitutsi kuba bahawe umushingamateka umwe rudende kandi umurwi w’abashingamteka ba CNL ufise abashingamateka barenga 25.

Mu bashingamateka icenda batowe kugira bazoserukire uburundi mu nama nshingamateka y’akarere ya EALA, batandatu bakomoka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, Umugambwe CNL cokimwe n’umugambwe UPRONA hamwe n’abo mu bwoko bw’abatwa hatowe umushingamateka umwumwe. Ayo matora yabaye mu gihe abashingamateka bo muri CNL bashika 30 bari basohotse mu ngoro y’inama nshingamateka bagaragaza agashavu kuko ico gikorwa kitisunze inama n’ingingo. Umushingamateka Rwasa akanegura kandi ku kuntu abatowe babanje kunyegezwa bagirwa ibanga.

Nkuko tubikesha urubuga rw’ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Umushingamateka Agathon RWASA akaba ariwe nawe arongoye umurwi w’abashingamateka bo mu mugambwe CNL amenyesha ko ivyabaye ari igitutsi kuba bahawe umushingamateka umwe rudende azoserukira uburundi mu nama nshingamateka y’akarere ka Afrika y’ubuseruko #EALA. « Ni gute umurwi w’abashingamateka ufise abashingamateka barenga 25 ushobora guhabwa umushingamateka umwe muri EALA , ukanganya n’umugambwe UPRONA ufise umushingamateka umwe cokimwe n’abatwa babanje kwongerwako? Ni coup d’Etat» Niko Rwasa yavuze n’agashuvu kenshi igihe hari hahejeje kwemezwa amazina y’abashingamateka bashasha bagiye kuja mu nama nshingamateka ya EALA.

Must Read

Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa “biométrique” bugiye gutangwa mu...

0
Uburangamuntu bwa mbere bukozwe mu buhinga bwa none bwa "biométrique" bugiye gutangura kuboneka mu Burundi kuva mu kwezi kwa kigarama . Amakomine 11 ya...