Ikindi kiziga c’umuntu congeye gutorwa mu gisagara ca Bujumbura

0
Mugihe hamaz’imisi haboneka impfu za giturumbuka ( ku musaga umwe yararashwe, n’i Muyinga ku mukoni kandi bose bakaraswa n’ intwazangabo mugisirikare c’Uburundi)
Ikiziga c’umuntu w’umugabo atamenyekanye congeye gutorwa mu gatondo ko kuri uyu wa 4, kw’ibarabara rya 12 muri karitiye Kinanira ya 2, zone Musaga.
Ababa hafi y’aho bavuga ko bazindutse babona mu muserege utwara amazi umuntu afutseko ibicafu.
Abajejwe intwaro bavuga ko yoba yatwawe n’amazi y’imvura ariko amatohoza akaba akibandanya.