UBM News ads
Wednesday, November 29, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abarundikazi bafatiwe i Kampala bagiye gutahukanwa i wabo.

Hari kumusi wa gatatu igenekerezo rya 07/04/2021 aho Abarundikazi 41 bari bugaraniwe mu nzu imwe i Kampala muri Uganda, bagomba kujanwa kugurishwa mu bihugu vy’abarabu bafatwa n’izego z’iprereza zifashanije n’ubuserukizi bw’U Burundi muri Uganda, nk’uko vyemezwa n’abajejwe iperereza muri Uganda.

Umugabo umwe ni we yagirizwa ko ari we yari abatwaye, Uganda ivuga ko ubu igomba gusubiza aba barundikazi mu gihugu cabo.

Charles Twine, umuvugizi w’ibiro vy’iperereza vya Uganda yatangaje ko abo bagore bose bavuye mu Burundi bazanwa muri Uganda bidakurikije amategeko, aho bashizwe mu nzu barindiriye kujanwa mu bihugu vy’abarabu.

Ivyo vyabaye mu gihe Police National du Burundi yaheruka gufata i Bujumbura abandi barenga ijana bari mwiyo nzira nyene aho bivugwa ko babanza kugirirwa nabi nko gufatwa kunguvu n’ibindi.

Ikitaramenyekana n’impamvu abarundikazi bemera bakinjizwa kubwinshi murugwo rudandazwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments