Umugabo umwe ni we yagirizwa ko ari we yari abatwaye, Uganda ivuga ko ubu igomba gusubiza aba barundikazi mu gihugu cabo.
Charles Twine, umuvugizi w’ibiro vy’iperereza vya Uganda yatangaje ko abo bagore bose bavuye mu Burundi bazanwa muri Uganda bidakurikije amategeko, aho bashizwe mu nzu barindiriye kujanwa mu bihugu vy’abarabu.
Ivyo vyabaye mu gihe Police National du Burundi yaheruka gufata i Bujumbura abandi barenga ijana bari mwiyo nzira nyene aho bivugwa ko babanza kugirirwa nabi nko gufatwa kunguvu n’ibindi.
Ikitaramenyekana n’impamvu abarundikazi bemera bakinjizwa kubwinshi murugwo rudandazwa.
Recent Comments