Bitumwe n-uko ubu igihugu ca Kenya kiriko kigira abandura benshi umugera wa Covid19 k-urugero rwa kane, urugero ruba ruteye ubwoba, Ikigo co kurwanya ingwara muri Leta Zunzubumwe za Amerika cagabishije abanyamerika ko batokwirahira ngo bahonyoze ikirenge mu gihugu ca Kenya.
Tubibutse ko mu ndwi ya heze, igihugu c-ubwongereza cafashe ingingo yuko abanyagihugu baco bohagarika ingendo zoza zigana muri Kenya kukutinya ko bokwandura umugera wa Covid19 biboneka ko mw-ico gihugu ca kenya uriko urarwirirana cane k-urugero rwo hejuru.
Perezida Uhuru KENYATTA nawene yaheruka kufata ingingo zikomeye mukuraba ko hohagarikwa irwirirana ry-uwo mugera aho intara zitanu harimwo umuji wa Nairobi arizo biboneka ko zibangamiwe zakozweko n-izo ngingo .